Ubutunzi bw’Uburundi buracazingamitswe n’ingaruka z’indyane za politike zatanguye mu mwaka w’2015, nizo zituma amafranga y’agaciro ataboneka, ntivyorohere abashaka kurangura hanze y’Uburundi. Ivyo vyavuye mu nama idasanzwe yabaye ku magenekerezo ya 18 na 19 Munyonyo 2021, mu nama y’amakoraniro mu Kigobe. Nk’umuti, abitavye iyo nama barasavye ko haba inagurwa ry’igisata c’ingenzi, ari naco ibihugu bibanyi bikuramwo amafranga menshi mu yinjira mu kigega ca leta. Ni mu kiganiro « Karahara mu ruganda ntibacura » mutegurirwa n’urunani rw’ibimenyeshamakuru Radio Inzamba, RPA na Télé Renaissance.
Amakuru
26 novembre 2021