Amakuru
12 mars 2024

Indyane hagati y’Uburundi n’Urwanda zizotorerwa umuti habaye ibiganiro (E. Nshimirimana)

Intandaro ya vyose yabaye inama y’amahoro n’umutekano y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika yari itegekanijwe kuba mu ndwi iheze. Iyo nama yari iyo kwiga uko Ubumwe bwa Afrika bwofasha ingabo za SADC zarungitswe mu buseruko bwa Congo. Urwanda rwaciye rwandika ikete rusaba Ubumwe bwa Afrika kubangira kuri iyo ngingo. Uburundi na bwo nyene bwaciye bwandikira Ubumwe bwa Afrika busa n’ubuvuguruza Urwanda.

Mbe none amakete nk’ayo ashobora gufasha iki ku ngorane z’umutekano muke uri mu buseruko bwa Congo ushobora no gutandukira akarere kose ?