Amakuru
20 mai 2024

Indongozi nshasha za FEBABU zikwiye kwitwararika kwubahiriza amategeko ya FIBA (B. Nijimbere)

Mu nama yakoranye ku wa 25 Ndamukiza umwaka w’2024, ishirahamwe mpuzamakungu ry’urukino rwa basketball ryarafashe ingingo yo guhagarika ishirahamwe ry’urukino rwa basketball mu Burundi mu kiringo c’ukwezi guhera aho Uburundi bwafatirwa ibihano vy’agateganyo hari ku wa 12 Ndamukiza umwaka w’2024. Kuri ico gihano, hiyongerako amande angana n’ibihumbi 50 vy’amafaranga yaba Suisses ni ukuvuga amafaranga arenga imiliyoni 150 z’amafaranga y’amarundi. Ayo na yo agasabwa kurihwa mu kiringo kitarenza iminsi 30 kuva igihe ishirahamwe ry’urukino rwa basket mu Burundi rimenyesherejwe iyo ngingo. Ivyo bihano bikaba bifashwe inyuma y’aho mw’ihiganwa rya BAL ryabereye mu gihugu ca Afrika y’epfo, umurwi wa Dynamo wanse gukina wambaye imyambaro yanditseko « Visit Rwanda », igihugu gisanzwe gifashe mu mugongo iryo higanwa.

Ni ikihe cigwa abarongoye FEBABU boba bakuye mu makosa yakozwe ?

Ni igiki gikwiye gukorwa kugira urukino rwa basketball mu Burundi rusubire kugira akanovera ?