Amakuru
5 octobre 2022

Indero nziza ni yo nkingi ya vyose, ni co gituma abategetsi bategerezwa gusubiza agateka umwigisha

Abategetsi bategerezwa kwikubita agashi bagasubiza agateka abigisha n’indero. Ako ni akagohe ka mwigisha Karoli Nditije. Uwo yahoze arongoye kaminuza y’Uburundi aranegura ubuzima n’akazi k’abigisha mu Burundi bifise inzitizi nyinshi. Haba mu gahembo, uburyo bigishamwo, canke no mu bwigenge bwabo, avuga ko vyose biza bituma akanovera k’inyigisho gatituka.