Amakuru
4 novembre 2021

Inama y’umutekano ya ONU niyo yonyene ishobora kuvuga ko habaye ihonyabwoko

Kubw’ishirahamwe AC-Génocide Cirimoso, ngo nta rwego na rumwe, umurwi canke ishirahamwe, bifise ububasha bwo kwita ubwicanyi ihonyabwoko. Térence Mushano, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe, avuga ko mu matohoza hakwiye abantu ataho begamiye. Térence Mushano akabona kandi ko ukunywana kw’Abarundi kuzoba mu gihe ugutohoza kuri ubwo bwicanyi bizokorwa biciye mu nzira zemewe na bose.