Amakuru
28 mai 2022

Imyaka 5 iraheze ubutungane ata co buvuze ku bagirizwa igitero c’i Mukoni

Imyaka itanu iraheze urubanza rw’abasirikare 21 bahagaritswe inyuma y’igitero cabaye kw’ikambi y’abasirikare ya Mukoni, rutaburanishijwe mu ntahe y’icese. Bivugwa n’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, arongoye igisata c’amategeko mw’Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi). Mw’itangazo ryasohotse kuri uwu wa kane, iryo shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ririyamiriza ihonyangwa ry’amategeko ryagiye riraranga urwo rubanza kuva abo basirikare bagifatwa. Iyo nyifato y’ubutungane bw’Uburundi, Jean Claude Ntiburumunsi abona ko, bwayifashe mu gushaka gutoteza abanyororo bapfungiwe ivyaha bifitaniye isano na politike.