Amakuru
25 juillet 2021

Imyaka 5 iheze Jean Bigirimana anyurujwe ubutungane budakora ni agatotezo ku bamenyeshamakuru (RSF)

Imyaka 5 iraheze ata kivuzwe ku bijanye n’inyuruzwa ry’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana, eka ata n’ubutungane ku muryango wiwe. Amashirahamwe mpuzamakungu aharanira ubwigenge bw’abamenyeshamakuru aratewe umutima uhagaze n’ukudahana gutuma ivyaha biba vyinshi. Arnaud Froger, arongoye RSF ku mugabane wa Afrika, avuga ko bizeye ko umukuru w’igihugu mushasha ashobora kugira ico akoze.