Amakuru
31 mai 2021

Imyaka 10 iheze Maison d’Éditions Iwacu yatumye abarundi n’abatari abarundi bamenya kahise k’Uburundi

Imyaka 10 iheze inzu isohora ibitabo yitwa maison d’Éditions Iwacu yatumye abarundi n’abatari abarundi bamenya kahise k’igihugu c’Uburundi. Antoine Kaburahe, umuyobozi w’ico kigo akaba ari nawe yashinze ibimenyeshamakuru vya Iwacu, avuga ko bamwe mu barundi batanguye gukurikirana kahise k’igihugu biciye mu bitabo basohora. Akamenyesha ko mu bitabo 18 basohoye muri ico gihe, usangamwo ibisata vyinshi mu bigize ubuzima bwa misi yose.