Amakuru
30 août 2023

Ivyo Floriane Irangabiye ahorwa bijanye n’ivyo Evariste Ndayishimiye we nyene yama ariko aranegura

Umwaka urarumanye Floriane Irangabiye ari mw’ibohero. Uwo mumenyeshamakuru yaciriwe urubanza rwo gupfungwa imyaka 10 aregwa kuba yahungabanije umutekano mu gihugu. Ku bwa Antoine Kaburahe, arongoye ikimenyeshamakuru Iwacu, Floriane Irangabiye ariko azira ubusa kuko ivyo akurikiranwako bifatiye ku kazi kiwe k’ukumenyesha amakuru. Antoine Kaburahe akabona ko yorekurwa ata kirinze gusabwa.