Amakuru
2 septembre 2021

Igisata co kumenyesha amakuru carakozweko n’ingaruka zo guhonyanga amasezerano ya Arusha

Ku ruhande rw’igisata co kumenyesha amakuru, Antoine Kaburahe, yashinze ikigo Iwacu co kumenyesha amakuru, arashima ko ubwa mbere ibiganiro vya Arusha vyahuje ibice bitandukanye vy’Abarundi bari bashamiranye. Ayo masezerano nayo akaba yaje atuma haba ituze mu gihugu, bikaba vyanatumye haba agahengwe, ibimenyeshamakuru n’ababikoreramwo bakamara igihe bakorera mu mutekano.