Amakuru
19 janvier 2022

Imvugo y’umukuru w’Inama nshingamateka ku bijanye n’ikiza ca Corona irahuvya abanyagihugu

Muri iki gihe ikiza ca Corona cateye, Abarundi barakwiye kwumviriza abahinga mu vy’ubuvuzi bakareka guta umwanya ku baza bavuga ivyo batazi. Bivugwa na Jérémie Minani, arongoye umugambwe RDB. Aramenyesha kandi ko ata barangonzi b’Abarundi bahari muri uru rugamba rwo kurwanya ico kiza, agasaba Abarundi bose kwirwanako bakicandagisha kugira bashobore kwikingira Corona.