Amakuru
23 juillet 2021

Imvugo iryohera amatwi y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye nta kindi igamije atari gusamaza Abarundi

Imvugo iryohera amatwi y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye nta kindi igamije atari gusamaza Abarundi kuko n’ikimenyamenya ubwicanyi no gutoteza abatavuga rumwe na Leta bikibandanya. Bivugwa n’urunani rwiyemeje gusubiza umutamana amasezerano ya Arusha CFOR-Arusha. Emmanuel Ndereyimana, umuvugizi w’urwo runani rutavuga rumwe n’ubutegetsi, akamenyesha ko umugambwe CNDD-FDD wahisemwo ingendo yo gutwaza igikenye kuko izi ko Abarundi batayiyumvamwo.