Amakuru
22 décembre 2022

Impunzi zizokwitahukana zonyene igihe zizokwumva icatumye zihunga caratorewe umuti

Ubu si umwanya wo guhamagarira impunzi gutahuka. Leta itegerezwa kubanza kwerekana ko ifise ubushake bwo gutorera inyishu ibibazo vyatumye abo bantu bahunga. Ivyo bivugwa na Jérémie Minani, arongoye umugambwe utavuga rumwe na leta RDB. Abishikirije mu gihe hari umurwi w’abantu barungitswe na leta mu Rwanda kugira bahimirize impunzi gusubira mu gihugu cabo. Jérémie Minani agatanga uturorero tw’amabi y’agahomerabunwa agikorerwa mu gihugu.