Journal
17 février 2021

Impunzi ziratewe umutima uhagaze n’igabanywa ry’ibifungurwa nk’uko vyashikirijwe n’amashirahamwe abitaho mu makambi

Impunzi ziratewe umutima uhagaze n’igabanywa ry’ibifungurwa nk’uko vyashikirijwe n’amashirahamwe abitaho mu makambi. Amwe mu makambi, nk’i Mahama irimwo impunzi zirenga 50.000, ibifungurwa bizogabanywa ku bice 60%, ni ukuvuga kuva kumafarnga 7.600 gushika kuri 3.040 mu mafaranga y’amanyarwanda. Uwuserukira abandi mw’ikambi y’i Mahama, Jean Bosco Kwibishatse, avuga ko bigoye cane ingene impunzi zigiye kubaho mu gihe vyari bisanzwe bigoye bikironswa ayo ya mbere. Ariko kandi, arahumuriza abo aserukira ko bishobora guhinduka ingingo igahagarara kuko ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ibifungurwa PAM ririko riradodora ahatandukanye.