Amakuru
24 novembre 2023

CBDH/VICAR irahagaritswe umutima n’igabanurwa ry’imfashanyo ku mpunzi zo mu karere ka EAC

Imfashanyo yahora ihabwa impunzi mu bihugu bitandukanye mu karere yaragabanutse cane. Bikaba vyavuye ku ngingo amashirahamwe HCR na PAM yafashe. Ivyo bikaba biteye impungenge urunani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi. CBDH/VICAR ikaba yasohoye itangazo aho ubwa mbere na mbere batemera imwe mu mpamvu zitangwa n’ayo mashirahamwe. Jean Bosco Vyizigiro, umuvugizi w’urwo runani, avuga ko impunzi z’Abarundi zidashobora gutaha muri bino bihe, kubera umutekano wazo ugeramiwe. CBDH/VICAR igasaba abasanzwe bafasha impunzi kubandanya babafasha.