Amakuru
4 juin 2021

Amashirahamwe mpuzamakungu n’ama leta arakwiye guhagurukira ikibazo c’inzara ku mpunzi ziri mw’ikambi y’i Mahama

Amashirahamwe mpuzamakungu n’ama leta arakwiye guhagurukira ikibazo c’inzara ku mpunzi ziri mw’ikambi y’i Mahama mu gihugu c’Urwanda. Uwuserukira izo mpunzi akaba atera ako kamo cane cane Leta y’Urwanda, ishiramahamwe mpuzamakungu HCR hamwe n’ishirahamwe rijejwe ibifungurwa PAM ko bobafasha mu gukuraho imirwi bashizemwo impunzi aho bamwe batakironswa agafashanyo. Ivyo bikaba biri uko mu gihe badafise ikindi kintu na kimwe bikorako. Jean Bosco Kwibishatse, aserukira izo mpunzi z’i Mahama, amenyesha ko ingaruka zamaze kuba nyinshi mu miryango yo muri iyo kambi.