Amakuru
23 février 2021

Impunzi z’Abarundi ziba muri Tanzaniya zirashima ijambo rya John Pombe Magufuli, aho ahamagarira abanyagihugu kwambara agafukamunwa ngo bikingire ikiza ca Covid-19

Impunzi z’Abarundi ziba muri Tanzaniya zirashima ijambo ry’umukuru w’ico gihugu John Pombe Magufuli, aho ahamagarira abanyagihugu kwambara agafukamunwa ngo bikingire ikiza ca Covid-19. Ariko rero ngo ivyo vyonyene ntibikwiye, nk’uko bivugwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu makambi y’impunzi. Ku bwiwe, ngo hategerezwa gufatwa izindi ngingo zotuma abantu bikingira neza.