Amakuru
25 mars 2023

Ingingo zikomeye ku mipaka y’ibihugu vy’akarere zofasha kugabanya irandagata ry’umugera wa Marburg

Abategetsi b’ibihugu vy’akarere bakwiye kugaba kw’irandagata ry’ikiza c’umugera wa Marburg wamaze kwibonekeza mu gihugu ca Tanzaniya. Ako ni akamo gaterwa n’umuhinga mu bijanye n’amagara y’abantu Come Konakuze, amenyesha ko uwo mugera ufise ibimenyetso bimwe nka Ebola, ari na co gituma ari ngombwa ko hafatwa ingingo zikomeye kugira bakingire abantu. Uwo muhinga agasaba abategetsi gufata ingingo zimwe zo gukingira abanyagihugu ku mipaka basangiye.