Amakuru
2 décembre 2021

Impunzi z’Abarundi ziba i Lusenda zitegerezwa gukingirwa na HCR hamwe na leta ya Congo

Ibibazo impunzi z’Abarundi ziri mw’ikambi ya Lusenda muri Congo ntaho bitaniye n’ukudatabara umuntu ageramiwe kuko izo mpunzi zabwirizwa gukingirwa n’ugucungererwa umutekano n’ishirahamwe rijejwe ivy’impunzi HCR n’igihugu ca Congo cabakiriye. Bivugwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Ahamagarira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yo muri Congo, mu karere ndetse no mu makungu, guhimiriza ishirahamwe HCR n’igihugu ca Congo gukora ibishoboka kugira bakingire izo mpunzi.