Amakuru
15 novembre 2022

Impunzi z’Abarundi ntiziriko ziritaba akamo zatewe na leta na HCR ko guhunguka ku bwinshi

Ishirahamwe HCR n’ibihugu bitandukanye vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko bimaze iminsi bihimiriza Abarundi, na cane cane abari mu makambi y’impunzi, gutahuka iwabo. Ariko mu ntango z’uku kwezi kwa Munyonyo, leta y’Uburundi ikaba yerekanye ko ico gikorwa kitariko kigenda nk’uko yari yavyipfuje.

Mbega ni igiki kibuza Abarundi gutahuka mu gihugu cabo c’amavukiro ?