Amakuru
23 août 2023

Imigenderanire y’Uburundi na Maldives igiye guteza imbere ibisata vya mukerarugendo n’uburovyi

Uburundi bwateye igikumu ku masezerano hamwe n’igihugu ca Maldives yo kworohereza abanyagihugu b’ivyo bihugu mu kugenderanira. Umushikiramganji w’Ubudangaji n’amahinguriro yagiye gusigurira abashingamateka iyo nteguro y’itegeko ku munsi wa mbere. Marie Chantal Nijimbere amenyesha ko ayo masezerano azofasha Uburundi guteza imbere ibisata vy’uburovyi n’igisata ca ba mukerarugendo.