Amakuru
20 août 2024

Imigambwe yipfuza guserukirwa bikwiye mw’ishirwaho ry’imirwi y’amatora mu makomine

Muri iki gihe Uburundi buriko buritegurira amatora azoba mu mwaka w’2025, imirwi izohagararira amatora ku rwego rw’intara bita CEPI iratungwa agatoke n’abanyepolitike batavuga rumwe na leta kuba yakozwe hatisunzwe ko imirwi yose iserukiwe. Abo banyepolitique bakaba bahanze amaso ishirwaho ry’imirwi ku rwego rwa komine CECI, ni ho hasigaye icizere ko kumbure hoho bazoshobora guserukirwa kugira amatora ashobore gutanga icizere.