Amakuru
22 février 2022

Imigabane ya Afrika na Buraya yiyemeje gufasha Afrika gutera imbere kandi ibikenewe birahari

Afrika ifise ubutunzi bukwiye kugira itere imbere, uhereye ku kungene ingana, abanyagihugu bayigize, urwaruka, eka n’ibindi. Ariko rero ku bwa Moussa Faki Mahamat, ngo hamye habura icotuma ibihugu bishobora kwegerana, bigakorana. Kubw’uwo arongoye ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, amasezerano mashasha aheruka gushirwako umukono n’abakuru b’ibihugu b’Ubumwe bwa Afrika n’Ubumwe bwa Buraya azoza gufasha muri iyo ntumbero.