Amakuru
14 juin 2022

Imfashanyo y’umuryango w’Ubumwe bwa Buraya, yofasha mw’ishirwa mu ngiro ry’imigambi ya leta

Haracariho ibisabwa Uburundi kugira busubire kuronswa amafaranga y’Ubumwe bwa Buraya agenewe leta. Vyamenyeshejwe na Claude Bochu, aserukira Ubumwe bwa Buraya mu Burundi, kw’itariki ya 10 Ruheshi uyu mwaka. Hariko hahimbazwa umunsi wahariwe ugufashanya hagati y’Ubumwe bwa Buraya n’Uburundi. Yamara umushikiranganji w’Imigenderanire asa n’uwudaha agaciro iyo mfashanyo. Ku bwa Albert Shingiro, ngo iyo mfashanyo si yo Uburundi burindiriye kugira butere imbere.