Amakuru
22 septembre 2021

Imbonerakure zatswe ibirwanisho, amahoro yoba atashe mu gihugu cose

Leta niyo ibazwa umutekano w’abanyagihugu. Iyo hari umuntu yishwe niyo itegerezwa kugira amatohoza ikerekana abicanyi kandi ikanabashengeza. Bivugwa na Emmanuel Nkengurutse, yahoze ari umukenguzamateka. Akibutsa umukuru w’igihugu ko kubona Imbonerakure zigifise ibirwanisho kandi zitabifitiye uruhusha ariwe bibazwa kuko asanzwe ariwe kizigenza w’ingabo z’igihugu, kandi bifatwa nko guhemukira igihugu.