Amakuru
10 février 2022

Imbere yo kuronka urupapuro urwo arirwo rwose mu gisagara ca Bujumbura, ubanza kuriha ikori

Abanyagisagara ca Bujumbura batazoba barariha amatagisi n’amakori bazotangura gufatirwa ibihano kuva kw’itariki 15 Ruhuhuma. Vyashikirijwe na Jimmy Hatungimana, umukuru w’igisagara ca Bujumbura. Hari kuri uyu wa kabiri mu nama yagiranye n’abajejwe intwaro. Jimmy Hatungimana yamenyesheje abanyagisagara ko gutanga amakori ari ku nyungu zabo.