Amakuru
1 septembre 2022

Imanza z’ababuzwe irengero mu Burundi ziriko zigenda neza mu ma sentare mpuzamakungu

Urunani CAVIB rw’abashingwamanza rwishinze kuburanira abashikiwe n’ivyago kubera amabi y’agahomerabunwa akorerwa mu Burundi kuva mu mwaka w’2015, rurahumuriza imiryango y’abanyurujwe, ruyibwira ko amadosiye ariko arigwa neza mu ma sentare mpuzamakungu. Ubutumwa butanzwe mu gihe kuri uno wa 30 Myandagaro, hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe ababurwa irengero. Umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye CAVIB, avuga ko impera n’imperuka abakoze ivyo vyaha bazofatwa bagakubitwa intahe mu gahanga, akibutsa ko icaha nk’ico kitagirirwa ikigongwe canke ngo cibagirwe.