Amakuru
9 octobre 2022

Ikiza ca Ebola gihitanye abantu hafi 30 mu ndwi 2 mu Buganda

Abantu barenga 60 ni bo bamaze gufatwa n’umugera wa Ebola mu gihugu c’Ubuganda, ukaba umaze guhitana abantu 29, harimwo 4 bakora mu gisata c’ubuvuzi. Ivyo bikaba vyabaye mu kiringo c’indwi zibiri gusa. Ibi biharuro bitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu OMS.