Amakuru
14 novembre 2022

Ikivuko ca Bujumbura kigiye gusubirwamwo ku mafaranga yababa imiliyaridi 95

Umugambi wo gusanura ikivuko ca Bujumbura uzotwara imiliyaridi 95 mu kiringo c’imyaka ibiri. Bivugwa n’umushikiranganji wo Gutwara abantu n’ibintu, Marie Chantal Nijimbere. Hari kuri wa kane uheze itariki 10 Munyonyo, aho bari bahejeje gutera umukono ku masezerano yo gusanura ico kivuko.