Agriculture
30 mai 2023

Ikilo c’ikawa y’ibitumbwe ya mbere cadugijwe, kizogurwa amafaranga 1280 muri iyi sizene

Leta y’Uburundi iherutse gufata ingingo yo kuduza igiciro c’ikawa ku rugero rw’ibice birenga 50 %. Iyo ngingo yafashwe n’Inama nshikiranganji yo ku wa 10 Rusama uno mwaka.
Mbega iyo ngingo yakiriwe gute n’abarimyi b’ikawa hamwe n’abakwirikiranira hafi ivy’ubutunzi ?
Umurimyi w’ikawa, we, yoba agiye gusubira kubukura mu cibo igihe c’isizeni nk’uko vyari aho hambere ?