Amakuru
28 octobre 2021

Ikigega FMI catanze imfashanyo y’imiliyoni 76 z’amanyamerika zizofasha kurwanya ikiza ca Corona

Imfashanyo y’ibihe bidasanzwe ku Burundi ingana n’imiliyoni 76 z’ama dollars y’Abanyamerika niyo yemejwe n’urwego nshingwantwaro rw’ikigega mpuzamakungu FMI. Iyo mfashanyo ikaba ari iyo gushigikira umugambi wo kurwanya ikiza ca Corona n’ugusahiriza ubutunzi bw’igihugu bwakozweko n’ico kiza.