Amakuru
8 février 2024

PARCEM isaba leta kwitaho ishimitse ibisabwa na FMI kugira ubutunzi bwisununure

Kugira Uburundi butere imbere mu butunzi, leta itegerezwa gufata nkama ibisabwa n’amashirahamwe atandukanye nk’ikigega c’isi FMI. Bisabwa n’ishirahamwe PARCEM, inyuma y’aho FMI isohoreye icegeranyo c’urugendo abahinga bayo bagize mu Burundi. Faustin Ndikumana, arongoye iryo shirahamwe, akaba n’umuhinga mu vy’ubutunzi, ahanura leta guha uburenganzira abadandaza bakidegemvya kugira bashobore kwinjiza amafaranga y’agaciro, no kwitaho ivyotuma abarwizatunga bazana imitahe yabo mu gihugu.