Amakuru
8 novembre 2023

Leta irafise amakuru akwiye kugira ituze abanyonora amatungo ya leta (Faustin Ndikumana)

Leta nta bushake na buke yerekana bwo gukurikirana no guhana abarya ibiturire n’abanyuruza amatungo ya leta. Uko ni ko Faustin Ndikumana, arongoye ishurahamwe PARCEM, abibona. Kuri we, ngo ni ibisanzwe rero ko bica vyibonekeza ko indongozi ku rwego rwo hejuru na zo nyene zibifisemwo uruhara. Abivuze inyuma y’aho umukuru w’Igihugu aherutse kwidoga ko ikigega c’isi yose FMI cavuze ko igiturire ciraye mu gihugu kugeza ku rwego rw’abakirongoye.