Amakuru
30 juin 2022

Ikigega ca Afrika gishigikira kikongera kigaha uburyo imigambi y’abagwizatunga

Inama isanzwe ihuza urwego rw’abarongoye ikigega co gushigikirana ca Afrika yarakoranye i Bujumbura kuri uyu wa 28 Ruheshi. Muri iyo nama, Domitien Ndihokubwayo, umushikiranganji w’Ikigega ca leta, yasavye Abarundi guhurumbira uburusho butangwa n’ico kigega. Umushikiranganji Ndihokubwayo yamenyesheje ko ico kigega co gushigikirana ca Afrika kimaze gushigikira imigambi itari mike mu Burundi.