Amakuru
25 juin 2021

Ikiganiro « Kahise k’Uburundi »

Abarundi bamye bafise uburanga bwabo imbere y’uko bagira akaranga kamwe bahurirako kuva ku bwami bwa Ntare Rushatsi. Ubwo buranga nibwo n’uyu munsi bugize umuryango munini w’abarundi bahurirako bose. Tubisanga mu kibagane c’ikiganiro c’akahise k’Uburundi mushikirizwa na muganga Alphonse Rugambarara, akurikiranira hafi kahise k’Uburundi.