Amakuru
3 juin 2021

Ikiganiro « Kahise k’Uburundi »

Tugaruke ku kiganiro kahise k’Uburundi dushikirizwa na Dr Alphonse Rugambarara. Abakwirikira kahise k’Uburundi bakunze kugahera ku burongozi bw’umwami Ntare Rushatsi. Ariko rero n’imbere yiwe, abarundi bari bafise ingene babayeho, bakaza barahindura imibereho bivanye n’ibihe nk’iyinjira ry’abakolonije Uburundi, mu nyuma n’ibihe bijanye no kwikukira kw’Uburundi.