Ikiganiro « Kahise k’Uburundi » c’uno munsi gishingiye ku majambo amwe amwe agoye gushira mu Kirundi. Alphonse Rugambarara adushikiriza iki kiganiro, asigura ko ivyo bitumwa n’uko kahise k’Uburundi kagiye karandikwa n’abatwaye igihugu mu gihe c’ubukoloni. Alphonse Rugambarara atanga akarorero k’ijambo « ubwoko » bakoresheje kugira batandukanye abantu.