Amakuru
14 août 2021

Ikiganiro « Agateka k’umukenyezi »

Mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’umukenyezi », umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, utuyagira ku mategeko agenga itunganywa ry’ibihe sentare yemeje ko umuntu yabuzwe irengero, yapfuye, n’igihe asubiye kuboneka. Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, akamenyesha ko muri ico gihe, ivy’uwo muntu bishikirizwa ivy’imfatakibanza abomutoranye n’abandi bose bafise ico bazeye ku vyiwe ihereye k’uwo bubakanye.