Culture
7 août 2021

Ikiganiro « Agateka k’umukenyezi »

Mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’umukenyezi », uyu munsi tubabwira ico amategeko agenga ingo n’imiryango avuga ku muntu yavuye mu rugo rwiwe adasezeye. Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, asigura ko amategeko ategekanya ko iyo haheze amezi atatu umuntu avuye mu rugo rwiwe adasezeye, umuntu wese abifisemwo inyungu canke umushikirizamanza bashobora gusaba Sentare kwemeza ko uwo muntu yazimiye be no kugena uwumutunganiriza ivyiwe.