Mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’umukenyezi », umuhari INAMAHORO, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, werekana amategeko ahambaye agenga ubuzima bw’abantu muri rusangi, dushingiye kw’itegeko rigenga ingo n’imiryango, rivuga ku burenganzira bw’abanyamahanga mu Burundi. Imico n’imigenzo y’Uburundi yubakiye ku bantu b’igitsina gabo igatuma abakenyezi bumva ko bakumiriwe mu burenganzira bwabo bw’ubuvyeyi mu muryango. Kwabirana kw’abanyamahanga kugengwa n’itegeko ry’igihugu c’ubwenegihugu bw’umugabo hamwe n’iry’igihugu abageni babamwo. Ivyo bikerekana ko ata burenganzira itegeko ryahaye umukenyezi, bikerekana kandi ko agateka kiwe kagihonyangwa mu Burundi.
Amakuru
27 juin 2021