Umukenyezi w’umurundikazi arakorwako n’ubukene kuko hari vyinshi bimubuza gushikira akazi nk’umugabo. Kubw’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, ubwo bukene butuma adatera imbere kandi n’igihugu ntigitere imbere. Bivugwa na Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’umukenyezi ». Umuhari Inamahoro uratera akamo umukuru w’Igihugu Evaritse Ndayishimiye kwubakira kw’iterambere ridakumira yongere afashe abakenyezi n’abigeme gutera imbere bakava mu bukene.
Amakuru
18 janvier 2022