Amakuru
20 novembre 2021

Ikiganiro « Agateka k’umukenyezi »

Mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’umukenyezi » c’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, uyu munsi batuyagira ku bijanye n’isekeza ry’iminsi 16 amakungu yahariye ukwiyamiriza amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme ryama ritangura uko umwaka utashe kuva kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo kugeza igenekerezo rya 10 Kigarama. Bivugwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro. Uwo muhari uhamagarira abakenyezi, abigeme, abategetsi hamwe n’Abarundi bose babonereho gukurikiza ivyo iryo sekeza riharanira.