Amakuru
16 octobre 2021

Ikiganiro « Agateka k’umukenyezi »

Abarundikazi baracarondera ikibanza kibereye mu ntwaro y’igihugu c’Uburundi. Bivugwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’umukenyezi ». Umuhari Inamahoro uratera akamo Abarundikazi bose gufata ingingo kuja kwitoza kandi bagatorana. Kubera Abarundikazi barabereye ikibanza n’imirimo umuganwa Ludoviko Rwagasore yari yarabageneye inyuma y’imyaka 60 iheze.