Amakuru
20 septembre 2021

Ikiganiro « Agateka k’umukenyezi »

Mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’umukenyezi » uno munsi umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, uvuga ku bijanye n’ukuntu imico yo mu Burundi iha ikibanza kinini igitsina gabo cane cane iyo hageze gufata ingingo zikomeye z’urugo. Umuhari Inamahoro ugasaba abakenyezi kumenya ibijanye n’agateka kabo kugira bamenye ingene bakarwanira.