Amakuru
4 septembre 2021

Ikiganiro « Agateka k’umukenyezi »

Mu rukurikirane rw’ikiganiro « Agateka k’umukenyezi », umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, uratubwira ingene igitabo gitegekanya ivyangombwa kugira ibirori vyo kwabirana bibe. Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari, amenyesha ko ubugeni bwonyene bwemewe kandi bukingiwe n’amategeko ari ubugeni bubereye imbere y’umukozi wa leta ajejwe iryo banga.