Amakuru
12 juin 2021

Ikiganiro « Agateka k’umukenyezi »

Mu rukurikirane rw’ikiganiro ku gateka k’umukenyezi c’uno munsi, umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, urerekana ingene bikiri ngombwa kuvuga ku burenganzira bw’abakenyezi. Amategeko mpuzamakungu y’agateka ka zina muntu ntarobanura abagabo n’abakenyezi, abaha uburenganzira bumwe. Marie Louise Baricako arongoye uwo muhari, akavuga ko atariko biri mu gihugu c’Uburundi aho hacibonekeza amategeko n’imigirwa ikumira abakenyezi, igatuma abakenyezi batubahirizwa mu gateka kabo.