Amakuru
12 juin 2021

Ikibazo c’ubwoko camye ari ikibazo gikoreshwa n’abanyepolitike kugira bashikire inyungu zabo

Iruhande y’amanama yatunganijwe n’Inama nkenguzamateka, cane cane ku bijanye no guha izina ubwicanyi bwo mu 1972, hazokurikira amatohoza azokorwa kugira urwo rwego rumenye nimba hakiriho ikibazo c’indyane z’amoko mu Burundi. Ivyo vyotuma hadasubira kwisungwa ibitigiri vy’amoko mu nzego za leta. Ariko rero hari ababonamwo intumbero yo guhamba burundu amasezerano y’amahoro ya Arusha. Muganga Alphonse Rugambarara, yahoze ari umunyepolitike, avuga ko ikibazo c’ubwoko camye ari ikibazo gikoreshwa n’abanyepolitike kugira bashikire inyungu zabo. Akemeza ko abarundi bo babana neza kandi batisunze ivyo vy’ubwoko.