Amakuru
24 février 2021

Ikibazo c’ubwigenge mu gisata c’ubutungane n’itandukanywa ry’ingene inzego zikora muri ico gisata kiracibonekeza mu Burundi

Ikibazo c’ubwigenge mu gisata c’ubutungane n’itandukanywa ry’ingene inzego zikora muri ico gisata kiracibonekeza mu Burundi. Marie Louise Baricako, arongoye umuhari INAMAHORO, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano, asaba umukuru w’igihugu gukora ibishoboka kugira hashirwe mu ngiro amategeko n’ubwigenge bw’inzego bwubahirizwe.