Amakuru
6 octobre 2022

Ikibazo c’imishahara y’abakozi ba leta bafise amategeko abagenga kigiye kuva mu nzira

Umushikiranganji w’Abakozi n’akazi ari mw’isekeza ryo gusigura politike nshasha y’imishahara. Ku munsi wa mbere, yari yaramutse akoranya abakozi ba leta bo mu ntara za Gitega na Mwaro. Akaba yabijeje ko ikibazo c’imishahara y’abakozi basanzwe ba leta cavuye mu nzira. Ariko ubu Déo Rusengwamihigo akavuga ko hariko hirwa ivy’abakozi bari mu bisata bifise amategeko vyisangije (paraétatique), na bo nyene igikorwa kikaba kigeze kure.