Amakuru
9 août 2022

Ikibazo c’ibifungurwa bike mu mabohero ari mu gihugu kirateye umutima uhagaze ishirahamwe APRODH

Abanyororo bafungiwe ivya politike n’abagirizwa kuba bari mu mirwi irwana baratotezwa mu mabohero. Ivyo bikaba bihagaritse umutima ishirahamwe APRODH riharanira agateka k’abanyororo. Iryo shirahamwe rirarajwe ishinga kandi n’ikibazo c’ibifungurwa bike mu mabohero ari mu gihugu. Petero Claver Mbonimpa abona ko ubwo bukene bw’ibifungurwa buva ku banyororo b’umurengera bari mu mabohero ugereranije n’ibitigiri ayo mabohero yategerezwa kwakira. Uwo arongoye ishirahamwe APRODH asaba ko abajejwe amabohero botorera inyishu ivyo bibazo ku neza y’abanyoro.